2 Corinthians 5:4 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ariko ni kubera twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.