2 Corinthians 7:9 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera ryabababaje, ariko kubera umubabaro ryabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
noneho ndanezerewe; sinnejerejwe n’uko mwagize umubabaro, ariko n’uk’ uwo mubabaro wabateye kwihana. Kuko mwagize umubabaro mu buryo bg’Imana, kugira ngo ntihagire ico mubura kubgacu.