2 Corinthians 8:14 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ubu mufise umusesekara, kandi murashoboye gufasha abakenye. Ikindi gihe kizoza aho na bo bazoba bafise umusesekara, bakabafasha mukenye. Aho ni ho hazoba hari ukungana.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko n’ukugira ngo munganye, ngw ibisāgutse kuri mwebge mur’ iki gihe bimare ubukene bgabo, kandi ngw ibizobasāguka na bo bize bimare ubukene bganyu, munganye.