2 Corinthians 9:5 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni co gituma nabonye ko ari nkenerwa kwinginga bene Data ngo babagendere imbere y’uko nza kugira ngo batunganye neza ico gikorwa co gutanga mwiyemeje. Mubitegure nk’igikorwa kivuye mu rukundo, atari ico musunikiwemwo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni co gitumye niyumviriye yuko nkwiye kwinginga abo bene Data kunyitangira imbere mu kuza i wanyu, ngo babanze gutunganya ivy’ ubuntu mwasezeranye kera, bibe vyiteguwe nk’ivy’ ubuntu, ata kinubge.