Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ umuherezi Yehoyada abarira abagabisha bagaba amajana, bashiriweho kugaba ingabo zose, ati Ni mumusohore, mumucishe hagati y’imirongo y’ingabo, kandi ni hagira ūmukurikira mumwicishe inkota; kuk’ uwo muherezi yar’ avuze, ngo Ntatsindwe mu ngoro y’Uhoraho.