Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko Yehosheba umukobga w’umwami Yoramu, mushiki wa Ahaziya, afata Yowasi mwene Ahaziya, amukūra mu bana b’ umwami bariko baricwa, amujanana n’umurezi wiwe, amushira mu cumba kibīkwamw’ amariri; nuko bamunyegeza Ataliya, ntiyicwa.