Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ araheza atuma kuri Yehoshafati umwami w’Abayuda, ut’ Umwami w’i Mowabu yamugararije, uti Mbega wokwemera kumutabara, ukajana na we kuja gutera i Mowabu? Aramwishura, ut’ Ego me muzojana, uti We n’umwe nawe, uti N’abantu biwe ni bo b’iwawe, uti N’amafarasi yiwe ni yo y’iwawe.