Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko Hazayeli aja guhūra na we atwaye ingemu zo ku vyiza‐vyiza vyose vy’i Damasiko, abiremētse ingamiya mirongwine; nukw arashika ahagarara imbere yiwe, aramubarira, at’ Umwana wawe Beni‐hadadi, umwami w’i Siriya, arantumye, ngo Mbeg’ ubona azokira iyo ndwara yiwe?