Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
arik’ umwami Yoramu ubgiwe yari yahindukiye asubira i Yezireli, kugira ngw arwarirey’ inguma yakomerekejwe n’Abasiriya, igihe yarwanya Hazayeli umwami w’i Siriya. Nuko Yehu aravuga, ati Namb’ ari vyo mugomba, ntihagire umuntu n’umwe yomba ngw ave mu gisagara, aje kubivuga i Yezireli.