2 Peter 2:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru;
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro: