2 Peter 2:12 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,