2 Peter 2:21 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bāhawe.