2 Peter 3:16 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona.