Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu.