Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha.