Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Ahimasi mwene Sadoki arongera abarira Yowabu, at’ Eka naho vyabaye birtyo, ndakwinginze undekure nanje mpfe kugenda, nkurikire uwo Munyekushi. Yowabu aramwishura, ati Wirukanwa n’iki ga mwana wanje, kw ata mpēra y’izo nkuru uja guhabga?