Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko none n’uhaguruke, usohoke, ucūrire amajambo abasavyi bawe yo kubahūmuriza; ntanze Uhoraho kw indahiro, n’utāsohoka, nta muntu n’umwe aza gusigara kuri wewe mur’ iri joro. Kand’ ivyo bizokubera nabi kuruta ivyago wakabonye vyose, uhereye mu buto bgawe gushitsa n’ ubu.