Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi Amasa yari hagati mu nzira arambaraye mu maraso yiwe, arikw arasāmba; maz’ uwo muntu abonye kw abantu bose bahashika bakarundana, aterura Amasa, amukūra mu nzira, amurambika hirya mu murima, amworosa impuzu; kuko yabonye k’uwamushikako wese yaca ahagarara.