Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Risipa umukobga wa Aya ahitana amagunira, ayīsasira ku gitandara, ahēra mw ishuza ry’ igenya, ashitsa ku mutasuro, imvura iguye kur’ iyo mivyimba; ku murango ntiyakundira ibisīga vyo mu kirēre ko biyigwako, canke mw ijoro kw ibikōko vyo mw ishamba biyēgēra.