Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko Dawidi amaze guharūra abantu, yumva umutima umukubita. Abarira Uhoraho, ati Nācumuye cane ku vyo nakoze; ariko none, Uhoraho, ndakwinginze, kūrah’ ibigabitanyo vyanje, jewe umusavyi wawe, kuko nakoze ivy’ ubujuju rwose.