2 Timothy 4:17 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge.