Acts 10:30 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,