Acts 12:20 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.