Acts 13:11 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba.” Ubwo nyene amaso yiwe yuzura umwijima, buramwirira, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.