Acts 13:25 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Yohana ariko arasozera igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko Yohana arikw arasozera urugendo rwiwe, arababaza, ati Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe sindi we. Mugabo har’ ūzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.