Acts 14:15 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,