Acts 15:7 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.