Acts 17:5 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.