Acts 19:13 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw inyererezi zimwe zo mu Bayuda zāsenda impwemu zihumanye zīgerera kuvugira izina ry’Umwami Yesu hejuru y’abatewe n’impwemu zihumanye, ziti Tubarahiye Yesu, uwo Paulo avuga.