Acts 19:38 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nimba Demetiriyo n’abandi bacuzi bagenziwe bafise ivyo babagiriza, sentare ziruguruye, kandi n’abacamanza barahari, barabitwarira.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko Demetiriyo n’abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y’imanza iriho, kandi hariho n’ivyēgēra vya Kayisari, ni baregane.