Acts 20:35 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.