Acts 20:9 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Maze umusore yitwa Eyutuko yari yicaye kw’idirisha, aremerwa n’itiro ryinshi Pawulo ariko arigisha. Amaze gusinzira cane, arakoroka avuye ku nzu yo hejuru igira gatatu, bamutora yapfuye.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi mw idirisha hari hicaye umusore yitwa Eyutuko, aremērwa n’itiro ryinshi; maze Paulo arushirije gutevya mu majambo, itiro riramuremēra, arakoroka avuye mu nzu yo hejuru ya gatatu, bamuyora ahwereye.