Acts 21:28 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.