Acts 22:30 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko bukeye bg’aho, agomvye kumenya neza ic’ Abayuda bamurega ic’ ari co, aramubohora, agera kw abaherezi bakuru bakorana n’abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.