Acts 23:18 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Na we aca aramujana kuri wa mukuru w’abasoda. Amubwira ati: “Pawulo, umwe ari mw’ibohero, ansavye ngo nzane uwu musore, kuko afise ico agomba kukubwira.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Na we aramujana amushīra uwo mukuru w’abagabisha, ati Ya mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ic’ akubarira.