Acts 25:23 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesito aca ategeka ko bazana Pawulo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Bukeye bg’aho, Agiripa na Berenike bazanana icubahiro cinshi, binjirana mw ikombe n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abahambaye bo mur’ ico gisagara; maze Fesito avuga ko bazana Paulo.