Acts 27:7 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kirete rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.