Acts 28:11 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Tuhamaze amezi atatu, tuvudukayo mu bgato bgari bgavuye muri Alekisanderiya, bgari bumaze iyo misi y’urushana ku kizinga, ikimenyetso cabgo car’ Imana z’Amahasa.