Acts 5:28 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.