Acts 5:36 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baca barasanzara, ntibagira ico bashikako.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa.