Acts 7:8 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ imuha isezerano ryo gukebga. Nukw avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani: Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru cumi na babiri.