Acts 9:17 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.