Colossians 2:23 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ayo mategeko mu vy’ukuri aboneka nk’aho womenga arimwo ubwenge, kuko asaba abantu gusenga uko bibwirije, no kwiyanka hamwe no kubabaza umubiri. Ariko nta bushobozi na butoya afise bwo kunesha ivyipfuzo vy’umubiri.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ayo mabgirizwa koko afise ishusho y’ubgenge, kukw abgiriza gusenga nk’ukw abantu bīrāritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ikimazi co kubuza ukwifuza kw’akameremere k’umuntu.