Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw ibigiracumi vyo mu masaka yanyu n’ivya vino zanyu n’ivy’ amavuta yanyu ya elayo, n’iz’ uburiza bgo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu, n’ico muzanye gushitsa isezerano ic’ ari co cose, n’ivyo muzotanga muvyigombeye, n’amashikanwa muzoba mumugereye, ivyo vyose ntimuze mubirīre i muhira.