Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni haramuka habaye urubanza runaniranye, ari mu vy’ abīcanye, canke mu vyo abantu bapfa, canke mu vy’abakomerekanije, cank’ imibūrano yindi ivyutse mu bisagara vyanyu; mwebge abazica muze muhaguruke, muje ha hantu Uhoraho Imana yanyu azoba yātoranije,