Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kuk’ uyu musi mbabariye gukunda Uhoraho Imana yanyu, no kugendera mu nzira ziwe, no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’amatēka yashinze, kugira ngo mubone kubaho, mugasāre, Uhoraho Imana yanyu abahēre umugisha mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.