Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
azobakunda, abahe umugisha, abagwize; azohezagira uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’amasaka na vino n’amavuta ya elayo, n’ukugwira kw’ inka zanyu n’ukw’ imikuku yanyu, abihezagirire mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.