Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuk’ umwigeme wese yashikwako n’urubu rwiwe rwo kujanwa ku mwami Ahasuwerusi, amaze amezi cumi n’abiri akorerwa ivy’ abigeme, nk’uko vyashinzwe, kukw igihe co kwitunganya kwabo ari ko cari kimeze: bāhabga amavuta arimw’ isenga kumara amezi atandatu, yandi mezi atandatu bagahabga ibitāmirana, n’ ivyo abigeme bāgerewe kwisīga ngo bayagayage mu maso.