Esther 2:15 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nukw igihe ca Esiteri kirashika co kujanwa ku mwami. (Esiteri uwo yari mwene Abihayili, se wabo wa Moridekayi, Moridekayi umwe nyene yamurera nk’ umwana wiwe.) Ico gihe gishitse co kujanwa ku mwami, ntiyagira ico yaka, atar’ ivyo Hegayi yamugereye, ari we nkone y’umwami yarinda abigeme; kandi Esiteri yashimwa n’abāmubona bose.