Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ashima uwo mwigeme, aramutonesha; agira umwete wo kumuha ivyo kwisīga ngw ayagayage mu maso, amuha n’igisa yagerewe, amuha n’abakobga ndwi, atoranije mu rugo rw’umwami: aramwunguruza bo n’abo bakobga, amushira aharusha ahandi kuba heza mur’ iyo nzu y’abigeme.